Muramvya, igenekerezo rya 16 Mukakaro 2024- Umugwi w’ugutohoza Ukuri n’Ukunywanisha Abarundi (CVR), userukiwe n’umukuru wawo, witabiriye inama ikomeye yabereye muri komine Rutegama iri mu ntara ya Muramvya. Ni inama itunganijwe n’Ishirahamwe MIPAREC (Ministère pour la Paix et la Réconciliation sous la Croix). Ishirahamwe MIPAREC yari yipfuje kumenyesha ibikorwa irangura abenegihugu b’aho, hamwe n’ukwumviriza intahe zashingwa na bamwe mu benegihugu zishimikiye ku mabi yabaye mu gihugu gushika aho basubiza hamwe.
Iyo nama yitabiriwe n’isinzi ry’abantu bipfuje kumenya ukuri ku mabi igihugu caciyemwo, hamwe no kwumviriza intahe zishingwa n’ababashije kurengera amakuba baciyemwo muri kahise. Ishirahamwe MIPAREC ryaramenyesheje abitabiriye iyo nama ibikorwa rirangura. Hakaba kandi humvirijwe intahe zijanye n’amakuba igihugu caciyemwo. Abashinze intahe bakaba baramenyesheje ukuntu bashoboye kurengera ayo mabi baraharira abo babagiriye nabi. Ubu bakaba babana mu mahoro. MIPAREC ikaba yaragize uruhara kugira abo benegihugu bashobore gushika ku ntambwe yo guhariranira.

Bamwe mu benegihugu bitabiriye inama
Musitanteri wa komine Rutegama, Nimbona Stany, yibukije ko Rutegama, co kimwe n’izindi komine zigize intara ya Muramvya, yabayemwo indyane zikomeye n’ayandi makuba harimwo n’ihonyabwoko ryo mu 1972-1973, be rero n’ubwicanyi bwabaye mu gihugu kuva mu 1993 gushika mu 2008. Izo ntureka zose zasize ibikomere mu benegihugu, mugabo Abarundi barabandanije kubana mu mahoro, barabirengera.
Zimwe mu ntahe zashinzwe
Mu bashinze intahe hari umupasitori yitwa Josias Ndikumagenge. Avugako umuryango wiwe ubanye mu mahoro n’uwagize uruhara mu bwicanyi bwahitanye mwenewabo Nahimana Samuel mu 1972. Akaba yari yigeze guca mu gisirikare c’Uburundi. Muri ico gihe hari itegeko ryavuga ko umuntu wese yaciye mu gisoda yategerezwa kuja gutanga raporo, n’ukuvuga « icegeranyo » kuri komine. Umunsi aja kw’ikomine ntiyabaye akigaruka kuko uwo mubanyi wabo yaciye amudodobereza, abagizi ba nabi baramutwara. Naho yababajwe n’ivyabaye, uwo mupasitori yahisemwo kubana mu mahoro n’uwo mubanyi wiwe amaze gufata ingingo yo kumuharira.
Pasitori Josias NDIKUMAGENGE ariko arashinga intahe

«Uwuvugwa ko yatumye mwenewacu bamwica, ni umubanyi wacu, kandi naho biri uko, tubanye mu mahoro na we». Pasitori Josias Ndikumagenge amenyeshako kubana mu mahoro bishoboka naho Uburundi bwaciye mu bihe bigoye.
Izindi ntahe zashinzwe zerekanye ibikorwa vyaranguwe na MIPAREC mu bijanye no kunywanisha abantu, harimwo ukwitanga kw’abahurikiye mu ma komite y’amahoro y’iryo shirahamwe. Izo ntahe zikaba zerekana ko, naho ari urugendo rutoroshe, hari ivyizigiro vyuko Abarundi bashobora gusubira kunywana.
Kazoza gashingiye ku kunywana
Niyonzima Jean-Pierre aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe MIPAREC, yavuze yuko afise icizigiro ko Abarundi bashobora kunywana bakabana mu mahoro. Kubwiwe, bitebe bitebuke, Abarundi bazokira, n’imbonakazoza ya Reta y’Uburundi « igihugu giteye imbere mu 2040, igihugu cifashe mu 2060 » tuzoyishikako dufashe urugendo rwo kurekuriranira. Ukuri kuragoye kuvuga, ariko iyo kubonetse, ni umuti urura ariko uvura cane ».

Jean-Pierre NIYONZIMA : “Ukuri n’umuti urura ariko uvura ”
Uwurongoye umugwi CVR, Amb. Pierre Claver Ndayicariye, yarateye akamo abavyeyi ati :
« Ni ngombwa ko twigisha abana bacu kubana mu mahoro, ubumwe n’ukwubahana, kuburyo batazobona amagorwa n’amaganya abakuze baciyemwo ». Yashimangiye ku kamaro ko kurera urwaruka mu ndero ishingiye ku mahoro, urukundo ,ukwubahana no kutarwigisha amacakubiri, yaba ay’amoko, ay’imiryango, amadini canke ay’intara.
Amb.Pierre Claver NDAYICARIYE : “Ntimwigishe abana banyu amacakubiri ”

Ingendo nshasha irangwamwo amahoro mu Burundi
Inama yabereye muri komine Rutegama ni nkoramutima mu rugendo rwo kunywanisha Abarundi. Ibikorwa birangurwa na CVR na MIPAREC, birerekana ko amahoro atari amajambo gusa, ariko ko ari ikintu gishoboka. Ugushinga intahe ni intambwe ishimishije yerekana ko Abarundi bariko barerengera bukebuke ibihe bibi baciyemwo, bongera bivuza ibikomere nseserezamutima mu ntumbero yo kwubaka igihugu gishingiye ku mahoro. Ivyizigiro vyose ubu biriko bishirwa ku rwaruka, rwitezweko kwubaka Uburundi aho amahoro n’ubumwe biza imbere y’amacakubiri yabonetse muri kahise.