Bujumbura: Mu 1972 habaye ihonyabwoko ry’abahutu

Ku munsi wa 1 igenekerezo rya 20 kigarama 2021 niho umurwi CVR washikiriza, mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, abashingamateka n’abakenguzamateka b’Uburundi ibikorwa waranguye mu 2021 ku bijanye n’ubwicanyi bwabaye mu 1972-1973. Umurwi CVR uvugako ubwicanyi bwo mu 1972-1973 ari ihonyabwoko ryagiriwe abahutu. Hambavu y’ubwo bwicanyi, hari n’ubwicanyi bwagiriwe abatutsi ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika hamwe n’abatwa mu ntara ya Mwaro.

Willy NTAKARUTIMANA

Please follow and like us:
Pin Share
Actualités Archivages Français Kirundi Publications