Gitega: Umurwi CVR ushikiriza ivyegeranyo vy’ibikorwa vyaranguwe mu 2020

Gitega: Umurwi CVR ushikiriza ivyegeranyo vy’ibikorwa vyaranguwe mu 2020

Kw’igenekerezo rya 22 /12/2020, Umukuru w’Umurwi CVR ,Amb.Petero Karaveri Ndayicariye ,yarahawe umubonano n’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka y’Uburundi , Nyeniteka Emmanuel Sinzohagera. Umukuru w’Umurwi CVR akaba yaraje kumushikiriza ivyegeranyo vy’ibikorwa CVR yaranguye mu 2020.

L’attribut alt de cette image est vide, son nom de fichier est EtSWdrtXYAE6Vkh-1030x447.jpg.

https://youtu.be/XcLz0aVBaws

Amb. Petero Karaveri Ndayicariye akaba yavuzeko ivyo vyegeranyo bashikiriza Inama Nkenguzamateka, bazobishikiriza inzego nkuru z’igihugu nkuko ibwirizwa bakoresha ryo muri Munyonyo 2018 ribisaba. Akamenyeshako ivyo vyegeranyo babishikiriza kugira babone ivyo Umurwi waranguye hanyuma bategure umunsi bazoshikiriza ku mugaragaro ibiri muri ivyo vyegeranyo.

Willy Ntakarutimana

Please follow and like us:
Pin Share
Actualités Ecrits Kirundi Publications